WOBA WARUMVISE . . . .

 

 

INGINGO ZINE Z'IVY'IMPWEMU?

Ikintu cose gifise amategeko akigenzura. Nawe nyene kugira ngo ucudike n'Imana, hariho amategeko ukwiye gukurikiza.

Ingo ya1IMANA IRAGUKUNDA KANDI IKUGIRA 
                    IMIGABO Y'AGATANGAZA MU BUGINGO
                    BWAWE

URUKUNDO RW'IMANA

"Kuk'urukundo Imana yakunze abari mw'isi, ari rwo rwatumye Itanga umwana wayo w'ikinege, ng'umwizera wese ntaz'apfe
rubi, arikw'ahabwe ubugingo budashira."       Yohana 3:16

IMIGABO IMANA IGUFITIYE

Yesu arakubwira ati: "Nanje jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse."                       Yohana 10:10

Mbega ni kuki abantu benshi badafise ubwo bugingo?

UMUNTU NI UMUNYAVYAHA KANDI IVYAHA VYIWE VYAMUTANDUKANIJE N'IMANA

Ingingo ya 2BITUMA ATAMENYA URUKUNDO N'IMIGABO  
                   IMUGIRA MU KUBAHO KWIWE.

UMUNTU NI UMUNYAVYAHA

"Kukw ata tandukaniro, bose bakoze ivyaha, ntibashikira ubwiza bw'Imana".      
                   Abaroma 3:23

Imana yaremye umuntu kugira ngo bacudike. Yamara umuntu yahisemwo inzira yiwe bituma atandukana n'Imana. Kugarariza no kutumvira Imana ni Icaha. Kandi iyo umuntu ahushanije n'ivy'Imana Igomba, bituma aba mu buja bw'ivyaha.

UMUNTU YARATANDUKANYE N'IMANA

"Ingero y'icaha ni urupfu"
(gutandukana n'Imana mu buryo bw'impwemu)      Abaroma 6:23.

Iki gicapu kitwereka kw'Imana an lyera kandi k'umuntu ari umuvyaha. Hagati yiwe n'Imana hari imanga nini y'ivyaha yamutandukanije n'Imana. Umuntu agerageza gukoresha uburyo bwinshi kugira ngo ashike ku Mana, aronderera inzira mw'idini, mu masengesho, mu bikorwa vyiza n'ibindi... Ariko ivyo vyose ntibihagije, umuntu aba akiri umunyavyaha.

Ingingo ya gatatu iduha inyishu y'iyo ngorane.

YESU KRISTO NI WE GUSA NZIRA Y'UKURI ISHIKANA UMUNTU KU MANA YERA.

Ingingo ya3muri we ni ho ushobora kumenya urukundo Imana
                      igukunda n'imigabo Ikugira mu kubaho kwawe.


Yapfuye mu gishingo cacu.

"A rikw'lmana yatweretse urukundo rwayo ldukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukiri abanyavyaha "   Abaroma 5:8

YESU NI MUZIMA

"Kuko nabanje kubashikiriza ico nanje nahawe, yuko Kristo
yapfiriye ivyaha vyacu, nk'ukw' ivyanditswe bivuga, agahambwa, akazuka ku musi ugira gatatu, nk'ukw'ivyanditswe bivuga, akiyereka Kefa, maz'akiyereka bamwe cumi na babiri, akongera akiyerekera hamwe bene Data basaga amajana atanu"
1 Ab'i Korinto 15:3:6.

YESU WENYENE NI WE NZIRA.

"Yesu aramubwira ati: Ni jewe nzira n'ukuri n'ubugingo:
Ntawushika kuri Data ntamujanye".       Yohana 14:6

Iki gicapu kitwereka kw'Imana yashizeho igitarurwa kugira ngo kiduhuze, Nayo. Nico gituma Imana yatanze Umwana wayo w'ikinege Yesu Kristo, ngw'apfe ku musaraba kugira ngo tubashe kwegera Imana.

Ariko ntibihagije kumenya izo ngingo zitatu zonyene.

Ingingo ya4URAKWIYE KWAKIRA YESU KRISTO
                       NK'UMWAMI N'UMUKIZA WAWE;
                       NI HO UZOMENYA URUKUNDO RW'IMANA  
                       N'IMIGABO IKUGIRA MU BUGINGO
                       BWAWE.

DUKWIYE KWAKIRA UMWAMI YESU KUBWO KWIZERA    
"Ariko abamwakiriye bose yabahaye, ububasha bwo gucika abana b'Imana, ni bo bizeye izina ryiwe." Yohana 1:12
"Ubuntu ni bwo bwakijije kubw'ukwizera, na vyo nyene ntivyavuye kuri mwebwe, ni ingabire y'Imana; ntivyavuye kubikorwa kugirango hoye kugira uwirarira." Abanyefeso 2:8-9

Iyo twakiriye Yesu -Kristo tuba tuvutse ubwa kabiri. (Yohana 3:1-8 )

KWAKIRA YESU NI UKUMUSABA KUZA
MU BUGINGO BWAWE.

Yesu arakubwira ati: "Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we dusangire". Ivyahishuwe 3:20

Kwakira Yesu
1 Ni ukumenya ko uri umunyavyaha, ukihana, ugahindukirira Imana.
2. t ukwizera kw'Imana ishobora kuguharira ivyaha vyose
3. Ni ukwakira Yesu Kristo mu bugingo bwawe umwzeye, akagutegeka kugirango
    ukore ivy'agomba.    

YESUNTARI MU BUGNIGO
BW'UYU MUNTU

YESU ARI MU BUGINGO
BW'UYU

Umuntu
yiganza

umuntu
aganzwa
na Yesu

Mbega mugenzi ni ikihe gicapu wogereranya n'ubugingo bwawe?
None woshima ku ereranywa n'ikihe gicapu?
Ibikunkira biraguso banurira ukugene wokwakiraYesu mu bugingo bwawe.

USHOBORA KWAKIRA YESU UBU NYENE KUBWO KWIZERA MU GUSENGA. (Gusenga ni kuganira n'Imana).

Musabe Yesu yinjire mu bugingo bwawe. Wizere kwashobora kugukorera ivyo yasezeranye. Aya masengesho yogufasha kwakira Yesu, uyavuze n'umutima ukunze.

Mwami Yesu ndagutakambiye kugira ng'unyiganzire mbe uwawe Ivyaha vyanje vyantandukanije nawe. Ndakwinginze Mwaming'uze mu rnutima wanje Ndagushimiye ko umpariye ivyaha vyanje vyose. ndabizi neza ko wahejeje kubimparira Ubu ndemeye kuva mu vyaha ngo tubane Yesu Hindura ubu bugingo bwanje mbe nk'nk'ugomba ibihe vyose. Amen.

Mbega, aya masengesho arahuye n'ivy'umutima wawe wifuza?
Asangwa ahuye n'ivyo wifuza, yavuge usabe Umwami Yesu kuza mu bugingo bwawe nkuko yasezeranye

INGENE USHOBORA KUMENYA KO YESU ARI
MU BUGINGO BWAWE.

Mbega wakiriye Yesu Kristo mu bugingo bwawe ?
Ukunkije isezerano ryiwe mu Vyahishunwe
Yohana 3:20, ubu Knsto ari he ?
Yesu Kristo yavuze ko azokwinjira mu bugingo bwawe.
Uravyemera ? None womenya ute kw'Imana yishuye amasengesho yawe ?
(ku bw'isezerano ry'Imana n'Ilambo ryayo).

BIBILIYA ISEZERANA UBUGINGO BUDASHIRA KU BAKIRIYE YESU KRISTO BOSE.

Kandi iyo ntahe ni iyi: n'ukw Imana yaduhaye ubugingo budashira, kandi ubwo bugingo ko buri mu Mwana wayo. Ufise Umwana wayo ni we afise ubwo bugingo; udafise Umwana w'lmana ntafise ubwo bugingo. Ivyo ndabibandikiye, mwebwe mwizeye izina ry'Umwana w1mana, kugira ngo mumenye yuko mufise ubugingo budashira
Yohana 5:11-13

Ukurikije iryo sezerano ushobora kumenya ko Yesu Kristo ari mu bugingo bwawe kandi ko ufse ubugingo budashira kuva umwakiriye mu bugingo bwawe. Ntazoguhemukira. Shimlra Imana imisi yose ko Yesu Kristo
ari mu bugingo bwawe kandi ko ufise ubuglngo budashira.

NTUKABESHWEHO N'AKAMEREMERE KAWE.

Ubushobozi bw'Umukristo buhagaze kw'Ijambo ry'Imana, atari kuri kameremere kiwe canke uko avyiyumvamwo. Umukristo abeshwaho n' ukwizera mu kwizigira Imana n'Ijambo ryayo.Uyu musi ushobora kunezerwa, ikindi gihe ukababara.Uko umuntu yiyumvamwo biva mu gihe aba arimwo.Ntukabeshweho n'akameremere kawe kugira ngo ugire icemezo c'uko Kristo yama ari mu bugingo bwawe.
"Imana Ubwayo yavuze iti: Nta ho nzoguhemukira, nta ho nzoguta".

Kuko uzi kw'Itabesha. ushobora gusa gukengurukira Imana kuko rnu bihe bibi n'ibihevyiza ibana nawe mu bugingo bwawe. Mu kuvuga uti: "Urakoze" vyerekana ko wizeye Isezeiano iyayo.

IBISHIKA MU BUGINGO BWAWE UMAZE KWAKIRA YESU KRISTO NI IBIKI?

Mu gihe wakira Kristo,ibintu vyinshi vyagushikiye mu bugingo bwawe

1. Yesu Kristo yaje mu bugingo bwawe (Ivyahishuwe 3:20)
    (Ab'i Kolosayi 1:27)

2. Ivyaha vyawe vyahariwe (Ab'i Kolosayi 1:14)
3. Wacitse umwana w'Imana (Yohana 1 :12)
4. Waronse ubugingo budashira (Yohana 5:24)
5. Watanguye ubugingo buhimbaye. ubw'lmana yaknremeye
    (Yohana 10:10 II Ab'i Konnto 5: 17. II Ab'i Tesalonike 5:18).

Mbega mugenzi, wibaza ko hari ikindi kintu cokunezera kuruta kwakira Yesu mu bugingo bwawe ?
None ntiwoshimira Imana buno nyene ku vyo yagukoreye ?
Gushimira Imana no kuyisenga vyerekana ukwizera.
Dusenge ...

UBURYO BWO GUKURA MU VY'IMPWEMU

Nk'uko umwana mutoyi akeneye gukura ni ko n'umukristo akeneye gukura mu vy'impwemu

Niwakwirikiza imisi yose izi ngingo zitandatu zizogufasha gutera imbere mu nzira y'Imana

1. Urama uganira n'Imana mu gusenga  
     (Yohana 15:7)
2. Urama usoma Ijambo ry'Imana
    (Ivyakozwe n'Intumwa 17:11)
3. Wubahe Imana ibihe vyose
    (Yohana 14.21)
4. Urashingira intahe Kristo mu bikorwa no
    mu majambo yawe
    (Matayo 4:19, Yohana 15:8)
5. Wizere Imana muri vyose (1 Petero 5:7)
6. Ureke Mpwemu Yera arongore ubugingo
    n'intahe vyawe ku musi ku musi, kandi
    abihe ububasha
    (Ab'Igalatiya 5:16, 17, Ivyakozwe 1:8).

NI NGOBWA KW'ABAKRISTO BAKORANIRA HAMWE

Aka karorero ka radufasha kubitahura:
"lyo inkwi zirunzwe hamwe, zirushaho kwaka cane. Ukuyemwo rumwe ukarushira ukwarwonyene ruca ruzima".
Nawe nyene biragukwiriye gukoranira hamwe n'abandi bakristo.
ni wafatanya n'abandi bakristo bamaze kwakira Yesu nk'Umukiza wabo; ukwizera kwawe kuzorushirizaho gukomera.
Uraja mw'isengero ry'abantu bizera ko Bibiliya ad ijambo ry'Imana, kandi bahimbaza Umwami Yesu, ata wundi batumbera. Tangura gufatanya n'abandi mur'iyi ndwi.
"Twoye guheba gukoranira hamwe, nk'uko bamwe babigira, ariko duhanurane, kandi uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza gurtyo."
 


ASANGWA AKAGATABO KAGUFASHIJE NI UGASOMERE UWUNDI MUNTU

Kanditswe na Dr. William R. Bright. Muremerewe gukoresha aka gatabo. Ariko kugira ngo ntikanyuranye n'amajambo y'inkomoko yako; nta n'umwe yemerewe kukandika canke kugahindura, adafise uruhusha rw'umukuru wa CAMPUS POUR CHRIST

CAMPUS POUR CHRIST B. P. 2038
BUJUMBURA - BURUNDI

ADDITIONAL ASSISTANCE

If you've just asked Jesus Christ into your life, please click here and tell us about it. We would love to hear from you and help you grow in your faith.

If you still have a question, please click here.

© 1995-2001 Campus Crusade for Christ International
Questions and Comments are always welcome!
http://www.4laws.com/laws/kirundi/default.htm
webmaster@jesuswho.org last updated: 18-08-2006

Last Updated: 08/18/06