|
USHOBORA KWAKIRA YESU UBU NYENE KUBWO KWIZERA MU GUSENGA.
(Gusenga ni kuganira n'Imana). Musabe Yesu yinjire mu bugingo bwawe.
Wizere kwashobora kugukorera ivyo yasezeranye. Aya masengesho
yogufasha kwakira Yesu, uyavuze n'umutima ukunze.
Mwami Yesu ndagutakambiye kugira
ng'unyiganzire mbe uwawe Ivyaha vyanje vyantandukanije nawe.
Ndakwinginze Mwaming'uze mu rnutima wanje Ndagushimiye ko
umpariye ivyaha vyanje vyose. ndabizi neza ko wahejeje kubimparira
Ubu ndemeye kuva mu vyaha ngo tubane Yesu Hindura ubu bugingo bwanje
mbe nk'nk'ugomba ibihe vyose. Amen.
Mbega, aya masengesho arahuye n'ivy'umutima wawe wifuza?
Asangwa ahuye n'ivyo wifuza, yavuge usabe Umwami Yesu kuza mu bugingo
bwawe nkuko yasezeranye
INGENE USHOBORA KUMENYA KO YESU
ARI
MU BUGINGO BWAWE.
Mbega wakiriye Yesu Kristo mu bugingo bwawe ?
Ukunkije isezerano ryiwe mu Vyahishunwe
Yohana 3:20, ubu Knsto ari he ?
Yesu Kristo yavuze ko azokwinjira mu bugingo bwawe.
Uravyemera ? None womenya ute kw'Imana yishuye amasengesho yawe ?
(ku
bw'isezerano ry'Imana n'Ilambo ryayo).
BIBILIYA ISEZERANA UBUGINGO
BUDASHIRA KU BAKIRIYE YESU KRISTO BOSE.
Kandi iyo ntahe ni iyi: n'ukw Imana yaduhaye ubugingo
budashira, kandi ubwo bugingo ko buri mu Mwana wayo. Ufise Umwana wayo
ni we afise ubwo bugingo; udafise Umwana w'lmana ntafise ubwo bugingo.
Ivyo ndabibandikiye, mwebwe mwizeye izina ry'Umwana w1mana, kugira ngo
mumenye yuko mufise ubugingo budashira
Yohana 5:11-13
Ukurikije iryo sezerano ushobora kumenya ko Yesu
Kristo ari mu bugingo bwawe kandi ko ufse ubugingo budashira kuva
umwakiriye mu bugingo bwawe. Ntazoguhemukira. Shimlra Imana imisi yose
ko Yesu Kristo
ari mu bugingo bwawe kandi ko ufise ubuglngo budashira.
NTUKABESHWEHO
N'AKAMEREMERE KAWE.
Ubushobozi bw'Umukristo buhagaze kw'Ijambo ry'Imana,
atari kuri kameremere kiwe canke uko avyiyumvamwo. Umukristo abeshwaho
n' ukwizera mu kwizigira Imana n'Ijambo ryayo.Uyu musi ushobora
kunezerwa, ikindi gihe ukababara.Uko umuntu yiyumvamwo biva mu gihe
aba arimwo.Ntukabeshweho n'akameremere kawe kugira ngo ugire icemezo
c'uko Kristo yama ari mu bugingo bwawe.
"Imana Ubwayo yavuze iti: Nta ho nzoguhemukira, nta ho
nzoguta".
Kuko uzi kw'Itabesha. ushobora gusa gukengurukira
Imana kuko rnu bihe bibi n'ibihevyiza ibana nawe mu bugingo bwawe. Mu
kuvuga uti: "Urakoze" vyerekana ko wizeye Isezeiano iyayo.
IBISHIKA MU BUGINGO
BWAWE UMAZE KWAKIRA YESU KRISTO NI IBIKI?
Mu gihe wakira Kristo,ibintu vyinshi vyagushikiye mu
bugingo bwawe
1. Yesu Kristo yaje mu bugingo bwawe
(Ivyahishuwe 3:20)
(Ab'i Kolosayi 1:27)
2. Ivyaha vyawe vyahariwe (Ab'i Kolosayi 1:14)
3. Wacitse umwana w'Imana (Yohana 1 :12)
4. Waronse ubugingo budashira
(Yohana 5:24)
5. Watanguye ubugingo buhimbaye. ubw'lmana yaknremeye
(Yohana 10:10 II Ab'i Konnto 5: 17.
II Ab'i Tesalonike 5:18).
Mbega mugenzi, wibaza ko hari ikindi kintu cokunezera
kuruta kwakira Yesu mu bugingo bwawe ?
None ntiwoshimira Imana buno nyene ku vyo yagukoreye ?
Gushimira Imana
no kuyisenga vyerekana ukwizera.
Dusenge ...
UBURYO BWO GUKURA MU
VY'IMPWEMU
|

|
Nk'uko umwana mutoyi akeneye gukura ni ko
n'umukristo akeneye gukura mu vy'impwemu Niwakwirikiza imisi
yose izi ngingo zitandatu zizogufasha gutera imbere mu nzira
y'Imana
1. Urama uganira n'Imana mu gusenga
(Yohana 15:7)
2. Urama usoma Ijambo ry'Imana
(Ivyakozwe n'Intumwa 17:11)
3. Wubahe Imana ibihe vyose
(Yohana 14.21)
4. Urashingira intahe Kristo mu bikorwa no
mu majambo yawe
(Matayo 4:19, Yohana 15:8)
5. Wizere Imana muri vyose (1 Petero
5:7)
6. Ureke Mpwemu Yera arongore ubugingo
n'intahe vyawe ku musi ku musi, kandi
abihe ububasha
(Ab'Igalatiya 5:16, 17, Ivyakozwe 1:8).
|
NI NGOBWA
KW'ABAKRISTO BAKORANIRA HAMWE
Aka karorero ka radufasha kubitahura:
"lyo inkwi zirunzwe hamwe, zirushaho kwaka cane. Ukuyemwo rumwe
ukarushira ukwarwonyene ruca ruzima".
Nawe nyene biragukwiriye gukoranira hamwe n'abandi bakristo.
ni wafatanya n'abandi bakristo bamaze kwakira Yesu nk'Umukiza wabo;
ukwizera kwawe kuzorushirizaho gukomera.
Uraja mw'isengero ry'abantu bizera ko Bibiliya ad ijambo ry'Imana,
kandi bahimbaza Umwami Yesu, ata wundi batumbera. Tangura gufatanya
n'abandi mur'iyi ndwi.
"Twoye guheba gukoranira hamwe, nk'uko bamwe babigira, ariko
duhanurane, kandi uko mubonye wa musi wegereza, murushirize kugenza
gurtyo."
|